Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 16:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 16:18
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho abana na Yosefu, bituma aroranirwa; aba mu rugo rwa shebuja Umunyegiputa.


Umurinzi w’ ibohero ntiyagira ikintu yibaza ku vyo yamushikirije, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we; kand’ Uhoraho amuha kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.


icamuteye kugenza artyo kwar’ ukugira ngw ivyabaye abihindure ukundi. Kandi ga mugenzi, ufise ubgenge nk’ubg’ umumarayika w’ Imana, umenya ibiri mw isi vyose.


Bizotuma umuntu wese acika ivutu, naho yoba yar’ intōre afise umutima nk’uw’ intambge; kukw Abisirayeli bose basanzwe bazi so kw ar’ umuhizi, kandi n’abari kumwe na we kw ar’ abantu b’ intōre.


Kand’ at’ Urazi so n’ingabo ziwe kw ar’ abahizi, kandi baramaze kuraka nk’idubu isahuriwe abana mu gahinga. Bitayeko, so n’umuntu amenyereye ivy’ intambara, ntiyopfa kurāra mu ngabo.


Umuntu ashimirwa ubgenge bgiwe nk’uko bungana, Arik’ ūfise umutima ugoramye baramugaya.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Kand’ ivyo bimenyamenya ni vyagushikako, ugenze uk’ ubona bikwiye, kukw Imana iri kumwe nawe.


Nukw atuma ūja kumuzana. Kandi yar’ umuhungu w’inzobe, w’amaso meza, w’umunyakaranga. Maz’ Uhoraho aravuga, ati Va hasi, umusukekw amavuta, kuko wa wundi ar’ uyo.


Nuko Sauli yishura abo bantu biwe, ati Nuko ni mundonderere umuntu azi gucuraranga neza, mumunzanire.


Nuko Sauli atuma intumwa kuri Isayi, uti Murungikire umuhungu wawe Dawidi, umwe aragira intama.


Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.


Nuko Samweli arakura, Uhoraho abana na we; ntiyakunda ko hagira ijambo na rimwe rya Samweli rikorokera hasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ