Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 16:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Enda se databuja, n’udutume twebge abasavyi bawe duhagaze hano, tuje kukuronderera umuntu w’ umuhinga azi gucuraranga inanga; maz’ iyo mpwemu mbi irungitswe n’Imana iy’ igufashe, az’ agucurarangire, ukire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 16:16
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu yar’ amaze imyaka mirongwitatu igihe yarenguka imbere ya Farawo. Nukw arijura, ava imbere ya Farawo, agendagenda igihugu cose ca Egiputa.


Hahirwa abantu bawe, hahirwa n’aba bagendanyi bawe bama imbere yawe bakumva ubgenge bgawe!


Ariko noneho nzanira umuvuzi w’inanga. Uwo muvuzi w’inanga ashitse, atanguye kuvuza, ukuboko kw’Uhoraho kuza kuri Elisa;


Hanyuma urashika ku musozi w’ Imana, ahar’ iboma y’Abafilisitiya; ni washika mur’ ico gisagara, uja guhūra n’agakama k’abavugishwa n’Imana bamanuka bavuye ahēra ho ku mpinga y’umusozi, bafise amakembe n’udushāko tw’ingoma n’imyironge n’inanga bigenda biravugira imbere yabo; uja gusanga bariko baravugishwa n’Imana.


Mpwemu w’Uhoraho amaze kuva kuri Sauli, impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho yama igenda imufata bga gikange.


Maz’ abantu ba Sauli baramubarira, bat’ Ereg’ impwemu mbi irungitswe n’ Uhoraho ni yo igukanga!


Nuko Sauli yishura abo bantu biwe, ati Nuko ni mundonderere umuntu azi gucuraranga neza, mumunzanire.


Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke.


Bukeye ya mpwemu mbi irungitswe n’Uhoraho iza kuri Sauli, avyagiye mu ngoro yiwe, afise icumu mu minwe; Dawidi amuvugiriza inanga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ