Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 16:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Mpwemu w’Uhoraho amaze kuva kuri Sauli, impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho yama igenda imufata bga gikange.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 16:14
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ut’ Arikw imbabazi ziwe ntazozimukūrako nk’uko yazikūye kuri Sauli, uwo yasohoye agashiraho wewe.


Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute? Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuko, uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.


Ntunte kure yo mu nyonga zawe, Ntunkūreko Mpwemu wawe Yera.


Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye!


Maz’ aramubarira, ati Ngaho Samusoni, Abafilisitiya baragushikiriye! Aca arakanguka, agira ngw arabakira nk’uko yahora, abīkunkumure. Ariko ntiyar’ azi yuk’ Uhoraho yamuretse.


Nuko Samusoni afata izo nkingi zompi zo hagati ziteze inzu, arazegamira, ukuboko kw’i buryo gufata imwe, ukw’ i bumoso iyindi.


Maz’ Imana irungika impwemu mbi yo guteranya Abimeleki n’ abantu b’i Shekemu; nukw ab’i Shekemu baryaruka Abimeleki;


Sauli yumvise ivyo, Mpwemu w’Imana amuzako akābushūngwe, uburake bgiwe buca buraziriringa;


Maz’ abantu ba Sauli baramubarira, bat’ Ereg’ impwemu mbi irungitswe n’ Uhoraho ni yo igukanga!


Enda se databuja, n’udutume twebge abasavyi bawe duhagaze hano, tuje kukuronderera umuntu w’ umuhinga azi gucuraranga inanga; maz’ iyo mpwemu mbi irungitswe n’Imana iy’ igufashe, az’ agucurarangire, ukire.


Hanyuma uko ya mpwemu mbi yarungitswe n’Imana yafata Sauli, Dawidi yahitana inanga, agacuraranga; maze Sauli akoroherwa agakira, iyo mpwemu mbi ikamuvako.


Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke.


Maze Sauli atinya Dawidi, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we, ariko we akaba yamuvuyeko.


Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ