Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;
Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,
Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!