Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 16:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nukw atuma ūja kumuzana. Kandi yar’ umuhungu w’inzobe, w’amaso meza, w’umunyakaranga. Maz’ Uhoraho aravuga, ati Va hasi, umusukekw amavuta, kuko wa wundi ar’ uyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 16:12
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yegurira Yosefu ivyo yar’ afise vyose; ntiyagira ikindi yibaza, atar’ ivy’ arya gusa. Kandi Yosefu yari mwiza w’umunyakaranga.


Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;


Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


maze Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani baheze bamwimikishirizey’ amavuta, abe umwami w’Abisirayeli; maze muce muvuza inzamba, mut’ Umwami Salomo n’ahangame!


Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Kand’ itoranya Dawidi umusavyi wayo, Imukūra mu mpongore z’ intama;


Uwo mugore asama inda, avyara umuhungu: maz’ abonye uwo mwana kw ari mwiza, aramunyegeza kumara amezi atatu.


Umukunzi wanje ar’ inzobe y’ikimuri, agenderana amaraso mu maso, N’akarangabgami mu bantu ibihumbi cumi.


Abaganwa biwe bāhora bakayangana kurusha shelegi, bakarusha n’amata kwera, Imibiri yabo yabonerana kurusha utubuyenge twitwa marijani, bāri basēnnye nk’ utwitwa safiro.


Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


Mur’ ico gihe Mose aravuka, yari mwiza cane, bamurerera mu nzu kwa se amezi atatu;


Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze kuvuka, anyegezwa n’abavyeyi biwe amezi atatu, kuko babonye kw ar’ akana keza, ntibatinya ibgirizwa ry’umwami.


Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.


Nuko wa Mufilisitiya abonye Dawidi, aramwitegereza, aramukēngēra, kuko yar’ akir’ umwana w’umusore, kandi yar’ inzobe w’umunyakarānga.


Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!


Nuko Samweli agikubita ijisho Sauli, Uhoraho aramubarira, at’ Ehe nguyo wa muntu nakubarira! Uyo ni we azoganza abantu banje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ