10 Nuko Isayi yerekana indwi mu bahungu biwe ngo Samweli abarābe. Samweli abarira Isayi, at’ Aba si bo Uhoraho yatoranije.
Maze Samweli abaza Isayi, ati Mbeg’ abana bawe bose n’abo? Aramwishura, ati Hasigaye umuhererezi, ariko rer’ ari ku ntama. Nuko Samweli aramubarira, ati Tuma ūja kumuhamagara, kuko tutaribgicare ngo turye ataraza.
Isayi arongera amwereka Shama; na ho nyene Samweli aravuga, at’ Eka n’uyu na we Uhoraho si we yatoranije.
Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.