1 Samweli 16:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ariko rer’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni jewe yarobanuye mu bo mu nzu ya data bose, ngo mbe umwami w’ Abisirayeli ibihe vyose; kuko yatoranije Yuda, ikamugira umukuru; kandi mu muryango wa Yuda igatoranyamwo inzu ya data; kandi mu bahungu biwe ikaba ari jewe yashimye kugira umwami w’Abisirayeli mwese.