Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 16:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 16:1
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

yuk’ uhereye igihe yakūriye abantu biwe b’Abisirayeli muri Egiputa, ata gisagara co mu miryango yose y’Abisirayeli yigeze gutoranya co kwubakamw’ ingoro ngw izina ryiwe rihabe; ariko yatoranije Dawidi kugira ngw aganze abantu biwe b’Abisirayeli.


Bukeye Elisa ūvugishwa n’ Imana ahamagara umwe mu biga ivy’ ukuvugishwa, aramubarira, at’ Ikazanure, wābīre iri cupa ry’amavuta ya elayo, uje i Ramoti‐gileyadi.


uheze usokorore iryo cupa ry’amavuta, uyamusuke ku mutwe, uvuge ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Akwimikishije amavuta ng’ ube umwami w’Abisirayeli. Uheze wugurure urugi; ntutebagane, uce uhunga.


Nuko Yehu ava hasi, binjirana mu nzu; uwo musore araheza amusuka amavuta mu mutwe, aravuga, at’ Uku ni k’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngw Akwimikishije amavuta ng’ ube umwami w’abantu biwe b’Abisirayeli.


Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuko Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’ Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yavugiye muri Samweli.


Ariko rer’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni jewe yarobanuye mu bo mu nzu ya data bose, ngo mbe umwami w’ Abisirayeli ibihe vyose; kuko yatoranije Yuda, ikamugira umukuru; kandi mu muryango wa Yuda igatoranyamwo inzu ya data; kandi mu bahungu biwe ikaba ari jewe yashimye kugira umwami w’Abisirayeli mwese.


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.


None rero ntusengere ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ ubasabire; kuko ntazobumva igihe bazontakambira babonye ivyago vyabo.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.


Abantu bazobīta ifeza z’ibihonwa, kuk’ Uhoraho abashibuye.


None rero nta co usengera ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ubasengere, kandi ntubanyingingire: kuko ntazokwumva.


Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.


Kandi Yesaya na we yaravuze, ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.


Mvuge ikindi ki? Kukw igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni n’ivya Baraki n’ivya Samusoni n’ivya Yefuta n’ivya Dawidi n’ivya Samweli n’ivy’ abāvugishwa n’Imana,


Umuntu ni yabona mwene Data wundi akora icaha kitar’ ico kumwicisha, asenge, azohesha ubugingo abakoze ivyaha bitar’ ivyo kubicisha. Har’ icaha co kwicisha: ico si co mvuze kw asengera.


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


riti Ndicujije icatumye nimika Sauli; kuko yamvuyeko, akanka gukora ivyo namubariye. Maze Samweli araraka, akēsha ijoro atakambira Uhoraho.


Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.


Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.


Guhēra ico gihe Samweli ntiyongera kubonana na Sauli kurinda apfa, atar’ ukwama amuririra; kand’ Uhoraho aricuza ico yimikiye Sauli ngw abe umwami w’Abisirayeli.


Maz’ abantu ba Sauli baramubarira, bat’ Ereg’ impwemu mbi irungitswe n’ Uhoraho ni yo igukanga!


Hanyuma uko ya mpwemu mbi yarungitswe n’Imana yafata Sauli, Dawidi yahitana inanga, agacuraranga; maze Sauli akoroherwa agakira, iyo mpwemu mbi ikamuvako.


Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.


at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ