8 Afata mpiri umwami wabo Agagi, aranduza abantu bose inkota.
i Siriya n’i Mowabu no mu Bamoni no mu Bafilisitiya no mu Bamaleki, bo na ya masahu yari yarasahuye umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu.
Abasigaye bahungira mu gisagara c’i Afeka; maz’ uruzitiro rwaho rw’amabuye rusidukira ku bantu ibihumbi mirongwibiri n’indwi mur’ abo bari basigaye. Beni‐hadadi na we arahunga, yitera mu nzu yo mur’ ico gisagara, arenga hirya mu mpete.
Bageseza amasigarira y’Abamaleki bāri bārarokotse, baca babayo gushitsa na bugingo n’ubu.
Maze hanyuma y’ivyo umwami Ahasuwerusi akuza Hamani mwene Hamedata, Umwagagi, amushira hejuru, intebe yiwe ayisumbisha iz’ abaganwa bose basabanye.
Uwo abantu baciriyekw iteka barunduye, ntaz’ acungurwe; aze yicwe ata kabuza.
Imibindi yabo izosesekara amazi, Imbuto zabo zizoba ahar’ ibigera vy’amazi menshi; Umwami wabo azosumba Agagi, Ubgami bgabo buzoshirwa hejuru.
ahaneshanya n’umwami waho, n’ibindi bisagara vyaho vyose; abitōngōza inkota, ageseza abāri muri vyo bose: ntiyasiga n’uwa kirazira. Nk’uko yagiriye i Heburoni, bo n’i Libuna n’umwami waho, ni ko yagiriye i Debira n’umwami waho.
Yosuwa atsinda ibisagara vyose vy’abo bami, abo bami bose abicisha inkota, arabageseza, nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yageze.
Umwami w’i Hayi bamufata mpiri, bamuzanira Yosuwa.
Maze Sauli yishura Samweli, at’ Ereg’ Uhoraho nāmwumviye: kand’ urwo rubanza Uhoraho yantumyeko nārumaze; nazanye Agagi umwami w’Abamaleki, kand’ Abamaleki ubgabo narabagesheje rwose.
None rero genda, utere Abamaleki, ubarandure rwose n’ivyo bafise vyose; ntuz’ ugire uwo uziguriza, arik’ uz’ ugeseze abagabo n’abagore n’abana, mbere n’abonka, bo n’inka n’intama n’ingamiya n’indogoba.
Maz’ i Nobu, igisagara c’abaherezi, akigeseza n’ inkota, abagabo n’abagore, abana n’abonka, bo n’inka n’indogoba n’intama, vyose abimarira ku nkota.
Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,