Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maze Sauli ageseza Abamaleki uhereye i Havila ugashitsa i Shura, aharābana na Egiputa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:7
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umumarayika asanga ageze i ruhande y’isōko y’amazi mu bugaragwa, ni yo sōko iherereye ku nzira ija i Shura.


Urwa mbere rwitwa Pishoni: ni rwo rukīkūje igihugu cose c’i Havila, kirimw’ izahabu:


Abiwe bahēra i Havila basagaza gushitsa i Shura, aharābana na Egiputa, mu nzira ija muri Ashuri; kandi Ishimayeli yari yapfuye aho yishingiye amahema asita bene wabo bose.


na Ofiru na Havila na Yobabu; abo bose ni bene Yokitani.


Bageseza amasigarira y’Abamaleki bāri bārarokotse, baca babayo gushitsa na bugingo n’ubu.


Yukw inkozi y’ikibi ihora irokoka ku musi w’ivyago, Kandi kw ikira ku musi w’ uburake?


Mose ajana Abisirayeli, bararamvura, bava ku Kiyaga Gitukura, bataha mu bugaragwa bg’i Shura, bagenda imisi itatu mur’ ubgo bugaragwa, babura amazi.


ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kand’ imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitūtu; kukw atubaha Imana ari mu nyonga zayo.


Akora ivy’ ubuhizi, anesha Abamaleki, arokora Abisirayeli, abakūra mu maboko y’ababanyaga.


Bukeye Dawidi n’ingabo ziwe baradūga, batera Abageshuri n’ Abagiruzi n’Abamaleki; abo ni bo bār’ inyamo z’ico gihugu uhereye kera, kurinda ushika i Shura n’ igihugu ca Egiputa.


Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ