Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko Sauli abarira Abanyakeni, ati Hogi ni mugende, muve mu Bamaleki, noye kubarandurana na bo, kuko mwagiriye Abisirayeli bose neza, igihe bādūga bava muri Egiputa. Nukw Abanyakeni bava mu Bamaleki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:6
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ari co c’Abanyakeni n’ic’ Abakenizi n’ic’ Abakadimoni,


Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


Imiryango y’abakarani yaba i Yabeshi, n’Abatirati n’Abashimeyati n’Abasukati. Abo ni bo Banyakeni bākomōtse kuri Hamati, ari we gishitsi c’umuryango wa Rekabu.


None rero, enda nyumviriza, ndakugīre inama, Imana iyigufashemwo. Ube ari wewe mushikirwa w’amajambo y’abantu wo kuyajana ku Mana, kand’ abe ari wewe ujana imanza zabo ku Mana.


Muve mu bupfu, mubone kubaho; Mugendere mu nzira yo kumenya ubgenge.


Abisirayeli bose bāri babakīkije barahunga bumvise ugutaka kwabo, bat’ Isi yoye kutumira natwe.


Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye.


Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n’isoni n’umunyororo wanje,


(Kand’ iyera ry’ukwifuza kw’ umutima wawe rirakuvuyeko; n’ibintu vyose biryoshe n’ibirābika neza biguhonnyeko, ntibazobibona ukundi.)


Maz’ abo mu ruvyaro rwa wa Munyakeni, muramu wa Mose, badūgana n’Abayuda bavuye mu gisagara co mu bigazi, baja mu bugaragwa bg’i Buyuda, ahahera i bumanuko bg’i Arada, babanayo na bene ho.


Heberi w’Umunyakeni yari yaritandukanije n’Abanyakeni bandi, ari bo buzukuruza ba Hobabu muramu wa Mose, yar’ ashinze ihema ryiwe musi y’igiti c’umweloni i Sananimu, hafi y’i Kedeshi.


Yayeli aragahezagirwa kurusha abandi bagore, Muka Heberi Umunyakeni Aragahezagirwa kurusha abandi bagore baba mu mahema!


Bukeye Sauli aja ku gisagara c’Abamaleki, aryama mu mwonga waho.


Akishi ngw amubaze, at’ Uyu musi wateye hehe? Dawidi akamwishura, ati Nateye i bumanuko mu Buyuda; cank’ ati Nateye i bumanuko mu ba Yerameyeli; cank’ ati Nateye i bumanuko mu Banyakeni.


n’ab’i Rakala, n’abo mu bisagara vya ba Yerameyeli, n’abo mu bisagara vy’Abanyakeni;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ