4 Nuko Sauli ahamagaza ingabo, aziharūrira i Telayimu, zār’ ingabo ibihumbi amajana abiri, bo n’iz’ i Buyuda ibihumbi cumi.
Nuk’ umwami Yehoramu ava i Samariya ico gihe, akoranya Abisirayeli bose.
na Zifu na Teremu na Beyaloti,
Sauli abaharūrira i Bezeki, Abisirayeli bār’ ibihumbi amajana atatu, Abayuda bar’ ibihumbi mirongwitatu.
Nuko Samweli ava hasi, ava i Gilugali, aja i Gibeya h’i Bubenyamini. Maze Sauli aharūra abantu bari kumwe na we, baba nk’amajana atandatu.
Bukeye Sauli aja ku gisagara c’Abamaleki, aryama mu mwonga waho.