34 Maze Samweli aja i Rama, Sauli na we aradūga, ataha i muhira i we i Gibeya.
Bukeye barazinduka, baja imbere y’Uhoraho barasenga; bahejeje barataha, basubira i wabo i Rama. Maze Elukana arārira Hana umugore wiwe, Uhoraho aramwibuka.
Sauli na we arītāhira, aja i muhira i Gibeya, acagatiwe n’abantu b’abahizi, abo Imana yakoze mu mitima.
Nukw intabaza zishitse i Gibeya ho kwa Sauli, zibarira abantu uko bibaye; abantu bose baraturikisha, bararira.
agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.