Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:33
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ūzovisha amaraso y’ umuntu, n’ayiwe azovishwa n’abandi: kuk’ umuntu namuremye mw ishusho yanje, jewe Imana.


Maze Eliya arababarira, ati Ni mufate abo ba kamenyi ba Bayali, ntihagire ūcika n’umwe. Barabafata; maze Eliya abamanukana ku mugezi Kishoni, abīcirayo.


Maze Mose iy’ amanitse amaboko Abisirayeli baranesha: ngw ayamanure, Abamaleki bakanesha.


ijisho rihōrwe irindi, iryinyo rihōrwe irindi, igikonjo gihōrwe ikindi, ikirenge gihōrwe ikindi,


Inkota y’Uhoraho yuzuyekw amaraso, ihāze ibinure, amaraso y’imyagazi y’intama n’impene, n’ibinure vyo ku mafyigo y’amasuguru y’intama; kuk’ Uhoraho yifitiye ikimazi i Bosira, n’ukugeseza gukomeye mu gihugu ca Edomu.


Kubg’ ivyo tanga abana babo ubahe inzara, ubagaburire ubugi bg’inkota; abagore babo ni babure abana babo, bateko bapfakare; abagabo babo ni bicwe n’urupfu, imisore yabo ni yicwe n’inkota yo mu ntambara.


Aravumwe uwanjanjwa ku gikorwa c’Uhoraho; aravumwe ūbuza inkota yiwe kuvisha amaraso.


Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.


Maz’ Abamaleki bamanukana n’Abanyakanani baba mur’ iyo misozi, barabanesha, barabirukana, babashitsa i Horuma.


Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Bavishije amaraso y’abera n’ay’ abavugishijwe nawe, kand’ amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe: birababereye.


Mumugirire ibihwanye n’ivyo yagiriye abandi, mumugerere kabiri ibikwiranye n’ivyo yakoze. Mu gakarabo yavangiyemwo, mumuvangiremwo kabiri.


Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.


Kand’ uz’ unyitangire imbere, umanuke i Gilugali; nanje nyene nzomanuka ngusangeyo, nje kwosa ibimazi no gutanga ivy’ ishimwe. Uz’ undorēre imisi ndwi kugeza igihe nzogusangayo nkakwereka uk’ ukwiye kugenza.


Maze Samweli aravuga, ati Ni munzanire hano Agagi umwami w’Abamaleki. Nuko Agagi aza ah’ ari araramanga; aravuga, ati N’ukuri ibamba ry’urupfu rirashize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ