Ūhunga ibiteye ubgoba azogwa mu rusumanyenzi; uwūrira ngw ave mu rusumanyenzi umutego uzomufata: kukw i Mowabu nzohashitsako umwaka wo kūzirwa kwabo, ni k’Uhoraho agize.
Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.
Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.