Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Maze Samweli aravuga, ati Ni munzanire hano Agagi umwami w’Abamaleki. Nuko Agagi aza ah’ ari araramanga; aravuga, ati N’ukuri ibamba ry’urupfu rirashize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:32
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ūhunga ibiteye ubgoba azogwa mu rusumanyenzi; uwūrira ngw ave mu rusumanyenzi umutego uzomufata: kukw i Mowabu nzohashitsako umwaka wo kūzirwa kwabo, ni k’Uhoraho agize.


Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Maze Yosuwa aravuga, ati Ni mwugurure ku muryango w’iryo senga, mukūrey’ abo bami ukw ari batanu, mubanzanire.


Nk’uko yihimbaza, akīgirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibgira mu mutima, ngo Mvyagiye nd’umwamikazi, sind’ umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo:


Maze Gideyoni adūgana inzira ica mu bībēra mu mahema hirya y’i Noba n’i Yogi‐beha ku ruhande rw’i burasirazuba, asanga izo ngabo zījajaye, arazitera.


Nuko Samweli arahindukira, akurikira Sauli; Sauli asenga Uhoraho.


Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ