31 Nuko Samweli arahindukira, akurikira Sauli; Sauli asenga Uhoraho.
Maze Dawidi aca arahaguruka, ava aho yar’ arambaraye hasi, ariyuhagira arirtyorora, yambara iyindi myambaro, araheza aja mu ngoro y’ Uhoraho, arasenga; hanyuma ataha i we; maze yatse ivyo kurya barabimuzanira, arafūngura.
Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.
Na we aramwishura, ati Naracumuye; yamara none ndakwinginze, untere itēka imbere y’abakuru bo mu bantu banje n’imbere y’Abisirayeli, dusubiraneyo kugira ngo nsenge Uhoraho Imana yawe.
Maze Samweli aravuga, ati Ni munzanire hano Agagi umwami w’Abamaleki. Nuko Agagi aza ah’ ari araramanga; aravuga, ati N’ukuri ibamba ry’urupfu rirashize.