Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 None rero genda, utere Abamaleki, ubarandure rwose n’ivyo bafise vyose; ntuz’ ugire uwo uziguriza, arik’ uz’ ugeseze abagabo n’abagore n’abana, mbere n’abonka, bo n’inka n’intama n’ingamiya n’indogoba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:3
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Timuna yar’ incoreke ya Elifazi mwene Esau: Elifazi avyarana na we Amaleki: abo ni bo buzukuru ba Ada, muka Esau.


Arambaza, at’ Uri nde? Ndamwishura, nti Nd’ Umwamaleki.


Uhoraho abarira Mose, ati Ni wandike ivyo mu gitabo, bibe icibutso; ubibarire Yosuwa, ubimwumvishe, yuko nzozimanganya ukumenyekana kw’Abamaleki, bībagirane mu bo musi y’ijuru bose.


ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,


Maz’ atuma amaso Abamaleki, yongera kuvugishwa, at’ Abamaleki bār’ aba mbere mu mahanga; Arikw iherezo ryabo n’ukuzorandurwa.


Nuko rero ni mwice umuhungu wese mu bana, n’umugore n’umukobga wese yigeze kuryamana n’umugabo.


ahaneshanya n’umwami waho, n’ibindi bisagara vyaho vyose; abitōngōza inkota, ageseza abāri muri vyo bose: ntiyasiga n’uwa kirazira. Nk’uko yagiriye i Heburoni, bo n’i Libuna n’umwami waho, ni ko yagiriye i Debira n’umwami waho.


Akora ivy’ ubuhizi, anesha Abamaleki, arokora Abisirayeli, abakūra mu maboko y’ababanyaga.


Kand’ akagutuma ku rubanza, akakubgira, ati Genda ugeseze rwose ba banyavyaha b’Abamaleki, ubarwanye gushitsa baherengeteye?


Ariko Sauli n’ingabo ziwe baziguriza Agagi, bo n’ibirusha ibindi ubgiza mu ntama no mu nka no mu mashūri anuze no mu myagazi y’intama, mber’ ivyiza‐vyiza vyose, banka kubigeseza rwose; arikw ibigayitse vyose n’ ibitagira ico bimaze aba ari vyo bageseza rwose.


Maz’ i Nobu, igisagara c’abaherezi, akigeseza n’ inkota, abagabo n’abagore, abana n’abonka, bo n’inka n’indogoba n’intama, vyose abimarira ku nkota.


Nuko Dawidi ageseza ico gihugu, ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe; anyaga intama n’inka n’ indogoba n’ingamiya, asahura n’ impuzu; maze yatabāruka akaja kwa Akishi.


Dawidi aca ashirakw arabica, uhereye bugihwībīra ugashitsa ku mugoroba wa bukeye; ntiharokoka n’umwe, atar’ abahungu b’imisore amajana ane, bāsimbiye ku ngamiya bagahunga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ