none rero ni mubirāngūre; kuk’ Uhoraho yavuze ivya Dawidi, ng’ Umusavyi wiwe Dawidi ni we azokiza abantu biwe Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya no mu y’abansi babo bose.
Dawidi yishura Mikali, at’ Uhoraho ni we nariko ndiyereka, kandi ni we yantoranije kuruta so n’ab’ inzu yiwe bose, akangira segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli. Ni co kizotuma niyereka Uhoraho.