26 Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.
Aramwishura, at’ Umwana wanje ntazomanukana namwe; kuko mukuru we yapfuye, akaba asigaye ar’ ikinege: yogira ic’ aba mu nzira, mugatuma imvi zanje zimanukana umubabaro i kuzimu.
N’iki catumye ukēngēra ijambo ryanje jewe Uhoraho, ugakora ivyo mbona kw ari bibi, ukicisha inkota Uriya Umuheti, ugacūra umugore wiwe ukamugira rwawe, na we Uriya ukamwicisha inkota y’Abamoni?
ut’ Arikw imbabazi ziwe ntazozimukūrako nk’uko yazikūye kuri Sauli, uwo yasohoye agashiraho wewe.
ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.
Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse.
Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.
Imukūye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe, iti Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose.
kuk’ ūzomuha ikāze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.
Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze.
Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.
Nuko Samweli arahindukira, akurikira Sauli; Sauli asenga Uhoraho.
Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.
Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.
kuk’ utumviye Uhoraho, ntushitse uburake bgiwe bukaze ku Bamaleki; ni co kimuteye kukugenza artyo uyu musi.