Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Maze Sauli yishura Samweli, ati Naracumuye, kuko ntumviye icagezwe c’Uhoraho n’amajambo yawe, ngatinya abantu nkabumvira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:24
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo muntu aramwishura, at’ Umugore wampaye ngo tubane, ni we yampaye ku vya ca giti, ndarya.


Abarira Adamu na we, ati Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe;


Maze Dawidi yishura Natani, ati Nacumuye k’Uhoraho. Natani aramwishura, ati Noneho Uhoraho yagukūyekw icaha cawe, ntugipfuye.


Mbitewe no gutinya ishengero mu kigohe, No gutinya kugawa n’iyindi miryango, Bigatuma nihorera, sindenge n’irembo—


Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza.


Farawo ni kwo guhamagaza Mose na Aroni vuba; arababarira, ati Nacumuye k’Uhoraho Imana yanyu no kuri mwebge.


Ntimuze muherēre ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi, kand’ ūshinga intahe mu manza, ntaz’ aje iyo benshi bari, bigatuma bagoreka urubanza;


Farawo atuma guhamagaza Mose na Aroni, arababgira, at’ Ubu ho nkoze icaha: Uhoraho aratsinze, twe n’abantu banje turatsinzwe.


Gutinya abantu n’ukwitega umutego, Arik’ uwizigira Uhoraho azoba amahoro.


Nuk’ umwami Zedekiya at’ Eh’ ari mu maboko yanyu: kuko jewe umwami ntoshobora gukora ikintu na kimwe co kubabuza.


Balamu yishura uwo mumarayika w’Uhoraho, ati Nkoze icaha, kuko ntamenye kw ari wewe uhagaze mu nzira ng’ untāngīre; none rero, asangwa bikubabaje, reka nsubire inyuma.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


Mbeg’ ubu n’ishimwe ry’abantu ngomba, canke n’iry’ Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Sauli aramwishura, ati N’izo bākūye mu Bamaleki, kukw abantu bazigurije izirusha izindi ubgiza mu ntama no mu nka, ngo n’izo gushikanira Uhoraho Imana yawe kw ibimazi; na vyo ibindi vyose twarabigesheje rwose.


Na we aramwishura, ati Naracumuye; yamara none ndakwinginze, untere itēka imbere y’abakuru bo mu bantu banje n’imbere y’Abisirayeli, dusubiraneyo kugira ngo nsenge Uhoraho Imana yawe.


Ariko Sauli n’ingabo ziwe baziguriza Agagi, bo n’ibirusha ibindi ubgiza mu ntama no mu nka no mu mashūri anuze no mu myagazi y’intama, mber’ ivyiza‐vyiza vyose, banka kubigeseza rwose; arikw ibigayitse vyose n’ ibitagira ico bimaze aba ari vyo bageseza rwose.


Ngo N’iki gituma mutimamukira ibimazi vyiwe n’amashikanwa yiwe, ivyo yashinze ko bamuzanira mu ngoro yiwe, ng’ Ukūbaha abahungu bawe kubamurutisha, mukīgaburira ibinoboye vyo mu bimazi vyose abantu biwe b’Abisirayeli bamushikanira, mukīvyibuhira?


Sauli aramwishura, ati Nakoze icaha; garuka mwananje Dawidi; sinzosubira kukugirira nabi, kukw amagara yanje yabaye agakomeye kuri wewe uyu musi; erega narabaye ikijuju, nakoze nabi cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ