Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:22
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abeli na we azana ku ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe, no ku binure vyazo. Uhoraho yākīrira Abeli ishikanwa ryiwe,


Uti None rero, ni mwamwumvira vy’ ukuri, mukitondera isezerano ryiwe, muzomubera inyegu yiharije, yitoranirije mu mahanga yose: uti Kukw isi yose ar’ iyiwe;


Gukora ivy’ ukugororoka no guca izibereye Ni vyo bihimbara Uhoraho kurusha gutanga ibimazi.


Urinde ikirenge cawe iy’ uja mu ngoro y’Imana; kuko kwēgēra ngo wumve kuruta gutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko batazi ko bakora ibizira.


iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu;


Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire.


None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye.


Ereg’ imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Iyo muba mwari muzi iri jambo ico rivuga, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi; ntimuba mutsindishije abatarikw igicumuro.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe.


Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.


kandi kuyikundisha umutima wose, n’ugutahura kwose, n’inkomezi zose, bo n’ugukunda mugenzawe nk’uko wikunda, biruta cane ibimazi vyose vyoshejwe n’ibitoshejwe.


nuko nca niyumvira, nt’ Abafilisitiya bahava bamanuka ubu nyene i Gilugali bantere, kandi nanje ntaringinga Uhoraho ngw ampangaze; ni kwo gupfa guhāngāra, nosa ikimazi.


Maze Samweli abgira Sauli, ati Wakoze ic’ ubupfu; iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho na we yokomeje ubgami bgawe ibihe vyose mu Bisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ