Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Maze Sauli yishura Samweli, at’ Ereg’ Uhoraho nāmwumviye: kand’ urwo rubanza Uhoraho yantumyeko nārumaze; nazanye Agagi umwami w’Abamaleki, kand’ Abamaleki ubgabo narabagesheje rwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:20
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ng’ Uratunganye, ngo Nta gicumuro ugira; Ngo Nta rubanza rugutsinze, ngo Nta n’ukugabitanya ugira:


Kuko Yobu avuga, ngo N’ umugororotsi, Kandi ngw Imana yamurīrīriye urubanza:


ati Mbeg’ ugira ngw ivyo uvuga ni ko, Ugira ng’ ukugororoka kwawe kuruta ukw’ Imana?


Mbega woshingūra urwo nashinze? Wompenurirakw ibitari vyo kugira ng’ ubone urubanza?


Wa musore aramubgira, at’ Ivyo vyose naravyitondeye; har’ ikindi mpajije?


Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde?


Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori.


Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.


Maze Samweli ashikīra Sauli; Sauli aramubarira, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho! Ico Uhoraho yambariye nāgishikije.


None rero genda, utere Abamaleki, ubarandure rwose n’ivyo bafise vyose; ntuz’ ugire uwo uziguriza, arik’ uz’ ugeseze abagabo n’abagore n’abana, mbere n’abonka, bo n’inka n’intama n’ingamiya n’indogoba.


Afata mpiri umwami wabo Agagi, aranduza abantu bose inkota.


kuk’ utumviye Uhoraho, ntushitse uburake bgiwe bukaze ku Bamaleki; ni co kimuteye kukugenza artyo uyu musi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ