Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 None se n’iki cakubujije kwumvira Uhoraho, ukagurukira ku minyago, ugakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:19
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’iki catumye ukēngēra ijambo ryanje jewe Uhoraho, ugakora ivyo mbona kw ari bibi, ukicisha inkota Uriya Umuheti, ugacūra umugore wiwe ukamugira rwawe, na we Uriya ukamwicisha inkota y’Abamoni?


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, aja mu bizira vy’ubuyobe vy’ abanyamahanga, abo Uhoraho yari yarirukanyei mbere y’Abisirayeli.


Atanga abana biwe kw ibimazi ngo boswe mu muriro mu mwonga wa mwene Hinomu, agapfumuza, agatera amabara, agakoresha uburozi, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


na we akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari bibi; ntiyicisha bugufi imbere y’uwavugishwa n’ Imana Yeremiya, iy’ amubariye ibiva mu kanwa k’Uhoraho.


Umuntu ahahamira inyungu atera imivurungano inzu yiwe, Arik’ uwanka ingurire azoramba.


Non’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mbeg’ ihindutse nk’isenga ry’abambuzi mu maso yanyu? Erega jewe ni jewe ubganje navyiboneye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mose arababaza, ati None n’iki kibatera gucumura ku cagezwe c’Uhoraho? Ereg’ ico mukora ntikija kugenda neza.


Dema yarantaye, kukw akunze iyi si ya none, yīgīra i Tesalonike: Keresikenti yagiye i Galatiya: Tito yagiye i Dalumatiya.


Hanyuma bagurukira ku myiri banyaze, bafata intama n’inka n’inyana, bazitsinda hasi barazizibagura, bazirya zikirimw’ amaraso.


Maze Sauli yishura Samweli, at’ Ereg’ Uhoraho nāmwumviye: kand’ urwo rubanza Uhoraho yantumyeko nārumaze; nazanye Agagi umwami w’Abamaleki, kand’ Abamaleki ubgabo narabagesheje rwose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ