Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:17
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Efurayimu iy’ avuze hose, hāba guhinda agashitsi; yigize agahambaye mu Bisirayeli; arikw igihe yacumuye kubga Bayali, yaciye apfa.


Nuk’ ūzokwicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu bgami bgo mw ijuru.


Aramwishura, ati Mbeg’ Abisirayeli nobakiza nte ga Mwami wanje? Inzu yacu kw ar’ iyo hasi mu muryango wa Manase, nanje nkaba nd’ umuhererezi kwa data!


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.


Maze Samweli yishura Sauli, ati Hagarara! Hinge nkubarire nanje ivyo Uhoraho yarāye ambariye iri joro. Aramwishura, at’ Ego, vuga.


Maze Sauli aramwishura, ati Mbega sind’ Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’ inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ ivyo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ