Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maze Samweli yishura Sauli, ati Hagarara! Hinge nkubarire nanje ivyo Uhoraho yarāye ambariye iri joro. Aramwishura, at’ Ego, vuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:16
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Ahiya, yumvise ibirenge vyiwe acinjira mu muryango, aramubarira, ati Shika, yewe muka Yerobowamu! N’iki gitumye wihindura uwundi, kandi ngutumwekw inkuru mbi?


Umwami aramubarira, at’ Aho nakurahirije nzogeza ryari, kugira ngo ntugire ico umbarira kitar’ ic’ ukuri mw izina ry’ Uhoraho?


Maze Yesaya abarira Hezekiya, ati Ni wumve ijambo ry’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya abarira Zedekiya umwami w’i Buyuda ayo majambo yose ar’ i Yerusalemu,


Nuko none ni muhagarare, mbāgiririze imbere y’ Uhoraho, mbereke n’ivyo yabagiriye vyose mu bugororotsi, mwe na ba sogokuruza.


Sauli aramwishura, ati N’izo bākūye mu Bamaleki, kukw abantu bazigurije izirusha izindi ubgiza mu ntama no mu nka, ngo n’izo gushikanira Uhoraho Imana yawe kw ibimazi; na vyo ibindi vyose twarabigesheje rwose.


Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?


Bakimanuka, bashitse ah’ igisagara kigarukira, Samweli abarira Sauli, ati Barira uwo muntu wawe atambuke imbere; nawe uhagarare gatoya, nkumenyeshe ijambo ry’ Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ