14 Samweli aramubaza, ati Non’ urwo rwānāga rw’intama runza mu matwi, bo n’ukwabagirana kw’inka numva, n’ivy’ iki?
Kuko yihema ubgiwe, K’ukugabitanya kwiwe kutazomenyekana ngo kwankwe.
Mose abaza Aroni, ati Mbeg’ aba bantu bakugize bate catumye ubazanakw icaha kingana girtyo?
Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’ uzi yuko nd’ umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye:
Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:
Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.
Sauli aramwishura, ati N’izo bākūye mu Bamaleki, kukw abantu bazigurije izirusha izindi ubgiza mu ntama no mu nka, ngo n’izo gushikanira Uhoraho Imana yawe kw ibimazi; na vyo ibindi vyose twarabigesheje rwose.