Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bukeye akoroka kare ngw aje gusanganira Sauli; baramubarira, bati Sauli yari yagiye i Karumeli, ahīshingira icibutso; hanyuma arahindukira, akomeza inzira amanuka i Gilugali.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:12
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu akoroka kare, yābīra impamba n’ umukuza w’urusato wuzuye amazi, abitekerera Hagari, abishira ku rutugu rwiwe, amuha n’uwo mwana, aramwirukana; aragenda, azimagirika mu bugaragwa bg’i Beri‐sheba.


Kandi Abusalomu akiriho yari yarābiriye inkingi y’ibuye, ayishinga mu mwonga w’umwami, kuko yari yaravuze, ati Nta mwana w’umuhungu ngira, ngo baze bamunyibukireko, izina ryanje ntirizimangane; ni kwo kwitiranya iyo nkingi izina ryiwe. Nuko yitwa inkingi y’ icibutso ca Abusalomu na bugingo n’ubu.


na Hesiro w’i Karumeli, na Parayi w’i Arubi;


Nuko Ahabu aradūga, aja gufūngura. Eliya na we aradūga, aja ku mpinga y’uwo musozi Karumeli, arunama ashika hasi, acurika umutwe mu maguru.


Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.


Hāri na Mayoni na Karumeli na Zifu na Yuta,


nuko nca niyumvira, nt’ Abafilisitiya bahava bamanuka ubu nyene i Gilugali bantere, kandi nanje ntaringinga Uhoraho ngw ampangaze; ni kwo gupfa guhāngāra, nosa ikimazi.


Nuko Samweli ava hasi, ava i Gilugali, aja i Gibeya h’i Bubenyamini. Maze Sauli aharūra abantu bari kumwe na we, baba nk’amajana atandatu.


Nuko Dawidi akoroka kare, asigarana intama ūzimurābira, ahitana ivyo bintu aragenda, nk’uko Isayi yamubariye, ashikira aho barāza imikogote y’intambara, ahūra ingabo zigiye gutonda urugamba zīrahira ubutōre.


Hār’ umuntu w’i Mayoni, itunga ryiwe ryar’ i Karumeli; yar’ umutunzi cane, yar’ afise intama ibihumbi bitatu n’impene igihumbi; ico gihe yarikw arakemuriza ubgoya bg’intama ziwe i Karumeli.


Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ