Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 riti Ndicujije icatumye nimika Sauli; kuko yamvuyeko, akanka gukora ivyo namubariye. Maze Samweli araraka, akēsha ijoro atakambira Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:11
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima.


Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.


Maz’ umumarayika akibangurira ukuboko i Yerusalemu ngw ahageseze, Uhoraho arīgarura abuza ivyo vyago, abarira uwo mumarayika yageseza abantu, ati Birahaye: garukana ukuboko kwawe. Kand’ uwo mumarayika w’Uhoraho yar’ ahagaze i ruhande y’imbuga ya Arawuna Umuyebusi.


Maz’ Uhoraho arakira Salomo, kuk’ umutima wiwe wavuye kuri we, kand’ Uhoraho Imana y’ Abisirayeli ari we yari yaramwiyeretse ibihetangabo kabiri,


Uko ni ko Sauli yatanze, azize ibicumuro vyiwe yacumuye k’ Uhoraho, kukw atitondeye ijambo ryiwe, kandi kuko yaraguje umuntu azi guhamagara imizimu, ngw amusigurize,


Imana ituma umumarayika i Yerusalemu ngw ahageseze; maz’ akigira ngw ahageseze, Uhoraho aravyitegereza, arīgarura, abuza ivyo vyago, abarira uwo mumarayika yageseza, ati Birahaye: garukana ukuboko kwawe. Kand’ uwo mumarayika w’ Uhoraho yar’ ahagaze i ruhande y’imbuga ya Orunani Umuyebusi.


Kuko bākikamye, bakayiva inyuma, Bakanka gushira umutima ku nzira zayo.


Urukundo rwanje barwishuye kuba abarwanizi banje, Ariko jeho nitwariritse gusenga.


Uhoraho ararahiye, ntazokwicuza, At’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira Mu buryo bga Melekisedeki.


Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.


Amagambo yo mu kanwa kiwe n’ukugabitanya n’ubugunge; Yaretse kugira ubgenge no gukora ivyiza.


Bakihindukiranya, bakagerageza Imana, Bakaratsa Iyera y’Abisirayeli.


Ariko basubira inyuma, bava mw isezerano nka ba sekuruza: Barahusha, nk’umuheto utaye uruvuto.


Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe, ati Mbeg’ Uhoraho, n’iki gitumye uburake bgawe bururumba ku bantu bawe wakūje mu gihugu ca Egiputa ububasha bginshi n’ukuboko kw’inkomezi?


Nuk’ Uhoraho arīgarura, areka ivyo vyago yari yavuze gutēza abantu biwe.


Bahindukiriye ibigabitanyo vya ba sekuruza bāhora banka kwumva amajambo yanje; bakurikiye izindi mana ngw abe ari zo basaba: ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda bishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza.


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


maze murihindukiza, mutukisha izina ryanje, umuntu wese agarukana umuja wiwe ar’ umuhungu cank’ umukobga, abo mwari mwarekuye ngo babe abidegemvya uko bagomba; mubasubiza mu buja ukw ar’ abahungu n’abakobga.


Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!


banyaruke, batangure kuborogera ivyacu, kugira ngw amaso yacu acundugute amosozi, amazi yisuke ava mu bigohe vyacu.


Arik’ umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, akīgāna ibizira vyose umunyakibi akora, mbega yobaho? Mu bikorwa vy’ubugororotsi vyose yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa: ubuhemu bgiwe yagize, n’ivyaha vyiwe yakoze, ni vyo azopfa azize.


Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati Ntibikibayeho; ni k’Uhoraho yavuze.


Maz’ Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.


Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.


Arik’ uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.


Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,


Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.


Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.


bat’ Ikoraniro ryose ry’Uhoraho ryadutumye, ng’ Uku kuntu mwahemukiye Imana y’Abisirayeli mwagutewe n’iki, ko mwaciye mureka gukurikira Uhoraho, mukiyubakira igicaniro, mukamugarariza aka kanya?


Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.


Maze Samweli abgira Sauli, ati Wakoze ic’ ubupfu; iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho na we yokomeje ubgami bgawe ibihe vyose mu Bisirayeli.


Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Samweli,


None rero genda, utere Abamaleki, ubarandure rwose n’ivyo bafise vyose; ntuz’ ugire uwo uziguriza, arik’ uz’ ugeseze abagabo n’abagore n’abana, mbere n’abonka, bo n’inka n’intama n’ingamiya n’indogoba.


Guhēra ico gihe Samweli ntiyongera kubonana na Sauli kurinda apfa, atar’ ukwama amuririra; kand’ Uhoraho aricuza ico yimikiye Sauli ngw abe umwami w’Abisirayeli.


Ariko Sauli n’ingabo ziwe baziguriza Agagi, bo n’ibirusha ibindi ubgiza mu ntama no mu nka no mu mashūri anuze no mu myagazi y’intama, mber’ ivyiza‐vyiza vyose, banka kubigeseza rwose; arikw ibigayitse vyose n’ ibitagira ico bimaze aba ari vyo bageseza rwose.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Arikw iryo jambo ribabaza Samweli, ko bavuze ngo n’abahe umwami wo kubacīra imanza; araheza asenga Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ