Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 15:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze Samweli abarira Sauli, ati Ni jewe Uhoraho yatumye kukwimikisha amavuta, ng’ ube umwami w’abantu biwe b’ Abisirayeli. None rero ni wumve amajambo y’Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 15:1
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Elisa aramwishura, ati Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho: uku ni k’Uhoraho agize, ngw Ejo nk’aya mango, kw irembo ry’i Samariya, ingero y’ifu igogōretse izogurwa shekeli imwe, kandi n’ ingero zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe nyene.


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


Mugabo, ni mwubaha Uhoraho, mukamusaba, mukamwumvira, ntimugararize ngo muce mu vyagezwe vyiwe, kandi mwe n’umwami wanyu abaganza, ni mwagendanira Uhoraho Imana yanyu, bizoba vyiza.


Maze Samweli abgira Sauli, ati Wakoze ic’ ubupfu; iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho na we yokomeje ubgami bgawe ibihe vyose mu Bisirayeli.


Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,


at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ