9 maze ni batubarira, bati Ni mugume aho, turaje; duhagarare, twoye kudūga ngo tuje iyo bari.
wumvirize ivyo bavuga; ni ho uja kurema, ubone kumanuka kubatera. Nukw amanukana n’umuntu wiwe Pura, bashikira ku ngabo za mbere ziteramye aho bashagaje.
Ariko ni batubarira, bati Ni muze ino; duce tudūga, kuk’ Uhoraho azoba abagabuye mu maboko yacu: kand’ ico ni co kija kutubera ikimenyamenya.
Yonatani aramwishura, ati Nuko rero tujabuke, duseruke ah’ abo bagabo batubona;