aca ava hasi, aja ha handi Sauli yar’ ashagaje. Nuko Dawidi abona ikiryamo ca Sauli aho kiri, n’ica Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo ziwe; kand’ ikiryamo ca Sauli cari hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, ingabo na zo zari zimushagaje irya n’ino.
Maze Sauli aramwishura, ati Mbega sind’ Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’ inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ ivyo?