Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.
Kand’ ivyo Samweli kamenyi, na Sauli mwene Kishi, na Abuneri mwene Neri, na Yowabu umwana wa Seruwiya bātanzekw inyegu vyose, mbere ikintu cose umuntu yeguriye Uhoraho, cāgabga na Shelomoti na bagenzi biwe.
Se wabo wa Sauli abaza Sauli na wa muntu wiwe, ati Mbega mwagiye hehe? Aramwishura, ati Twagiye kurondera za ndogoba; maze tubonye tuzibuze tuja kwa Samweli.
Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!
aca ava hasi, aja ha handi Sauli yar’ ashagaje. Nuko Dawidi abona ikiryamo ca Sauli aho kiri, n’ica Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo ziwe; kand’ ikiryamo ca Sauli cari hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, ingabo na zo zari zimushagaje irya n’ino.