Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:50 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

50 Muka Sauli yitwa Ahinowamu mwene Ahimasi; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Abuneri mwene Neri, se wabo wa Sauli;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:50
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo za Sauli, yari yarajanye Ishibosheti mwene Sauli, aramujabutsa amujana i Mahanayimu.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Maz’ umwami abarira abantu biwe, at’ Aho ntimuzi yuk’ uyu musi hapfuye uwo mu nda y’ingoma kandi w’agahambaye?


Ico gihe c’intambara y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi, Abuneri yari yīgize agakomeye mu rugo rwa Sauli.


Kand’ ivyo Samweli kamenyi, na Sauli mwene Kishi, na Abuneri mwene Neri, na Yowabu umwana wa Seruwiya bātanzekw inyegu vyose, mbere ikintu cose umuntu yeguriye Uhoraho, cāgabga na Shelomoti na bagenzi biwe.


mu gihimba kindi c’umuryango wa Manase nyene, kiba i Gileyadi, yari Ido mwene Zekariya; mu ba Benyamini yari Yasiyeli mwene Abuneri;


Se wabo wa Sauli abaza Sauli na wa muntu wiwe, ati Mbega mwagiye hehe? Aramwishura, ati Twagiye kurondera za ndogoba; maze tubonye tuzibuze tuja kwa Samweli.


Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!


aca ava hasi, aja ha handi Sauli yar’ ashagaje. Nuko Dawidi abona ikiryamo ca Sauli aho kiri, n’ica Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo ziwe; kand’ ikiryamo ca Sauli cari hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, ingabo na zo zari zimushagaje irya n’ino.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ