Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Igitandara kimwe cari gihagaze ahahera i burārūko, aharābana n’i Mikimashi, ikindi ahahera i bumanuko, aharābana n’i Geba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:5
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

bashitse muri Ayati, baciye i Migironi; i Mikimashi ni ho basize ibintu vyabo vy’intēkera:


baserutse hejuru ku kavōvo, barāye i Geba: ab’ i Rama bafashwe n’agatengo, ab’ i Gibeya ho kwa Sauli barahunze!


Maze Samweli aramubaza, at’ Ivyo wakoze n’ ibiki? Sauli aramwishura, at’ Erega nabonye abantu biyonjoroye bāntaye, kandi nawe nyene utaje muri ya ndagano, Abafilisitiya na bo bariko barakorakorana i Mikimashi;


Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.


Maz’ abo mu nsago z’Abafilisitiya barunguruza, bategera hejuru ku kavōvo k’i Mikimashi.


Bukeye Yonatani atera abo mu nsago z’ Abafilisitiya i Geba, arabatsinda; abandi Bafilisitiya baravyumva. Maze Sauli avugisha inzamba mu gihugu cose, kugira ngw Abaheburayo bavyumve.


Nuk’ uwo musi bica Abafilisitiya, uhereye i Mikimashi ugashitsa i Ayaloni; arikw abantu bari badendebukiwe cane.


Kandi mur’ ako kavōvo, aho Yonatani yagomba guca ngw ashikīre za nsago z’Abafilisitiya, mu ruhande rumwe hār’ igitandara gisongoye, mu rundi ikindi; kimwe citwa Bosesi, ikindi citwa Sene.


Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ