Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Sauli amaze kuja ku ngoma ngw aganze Abisirayeli, arwanya abansi biwe bose impande zose, Abanyamowabu n’Abamoni n’ Abanyedomu, n’abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya; yagenda anesha aho yatumbera hose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:47
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umukuru avyara umuhungu, amwita Mowabu: uwo ni we yandurutsweko n’Abanyamowabu na bugingo n’ubu.


Umutoya na we avyara umuhungu nyene, amwita Benami: uwo ni we yandurutsweko n’Abamoni na bugingo n’ubu.


Abo ni bo bo mu nda ya Esau, ari we Edomu; abo ni bo bakuru b’imiryango yabo.


Nuko Esau aja kuba ku musozi Seyiri: Esau ni we Edomu.


Umuheto wa Yonatani ntiwatabaruka Utanyoye amaraso y’abishwe, Udasākije mu binure vy’ abahizi; Kand’ inkota ya Sauli ntiyatabaruka ubusa.


Maz’ Abamoni babonye ko bateye Dawidi akayigo, batuma ku Basiriya b’i Beti‐rehobu n’ab’i Zoba, babaha impēra ngo babahe ingabo ibihumbi mirongwibiri, bahēra n’umwami w’i Mayaka, azana ingabo igihumbi, n’iz’ i Tobu ibihumbi cumi na bibiri.


Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.


Bukeye Dawidi anesha n’ umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu, igihe Hadadezeri yaja gusubira kugandura igihugu yaganza co ku ruzi Efurate.


Hanyuma Imana yongera guhagurukiriza Salomo uwundi murwanizi, ni we Rezoni mwene Eliyada; uwo yari yarahunze shebuja Hadadezeri umwami w’i Zoba.


Arik’ Uhoraho ntiyari yaravuze kw azozimanganya izina ry’Abisirayeli musi y’ijuru, nuko rero, abakirisha Yerobowamu mwene Yehowasi.


Eh’ umwami azobarōngōra nguyo; jeho ndashaje, mmeze imvi; kandi rāba abahungu banje muri kumwe: nanje murazi ko nabarōngōye uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu.


Sauli yīmye amaze imyaka mirongwitatu; amara imyaka ibiri ari ku ngoma aganza Abisirayeli.


Maze Sauli arīgīra, areka gukurikira Abafilisitiya; Abafilisitiya na bo basubira i wabo.


Imisi yose Sauli yabayeho hābaye indwano zigoye hagati yabo n’Abafilisitiya; kandi Sauli, iy’ abonye umuntu wese w’amagara kandi w’umuhizi yaca amujana i we.


Kur’ uwo musi nyene hār’ umuntu umwe wo mu basavyi ba Sauli yari yashībijwe ngw agume imbere y’Uhoraho, yitwa Dowegi w’Umunyedomu, yar’ umubgiriza w’abungere ba Sauli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ