Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:45
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramwishura, ati Ndakwinginze mugenzi, undahire Uhoraho Imana yawe, kugira ng’ ūhōra uwishwe ntaz’ aze kwica, bakamarīra n’agahungu nari nsigaranye. Umwami aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe w’umwana wawe kazohara ngo gakorokere hasi.


Maze Salomo aravuga, ati Ni yaboneka kw ameze neza, nta n’agashatsi na kamwe kiwe kazohara ngo gakorokere hasi; ariko ni hagira ikibi kimubonekako, azopfa.


Mu manza zose zikoma ku vy’Uhoraho, Amariya umuherezi mukuru ni we azoba kamaramagambo muri mwebge, na zo mu manza zose zikoma ku vy’igihugu, kamaramagambo ni Zebadiya mwene Ishimayeli, umukuru wo mu muryango wa Yuda; kand’ Abalewi bazoba abashingantahe banyu. Nuko ni mukovye, mukore, kand’ Uhoraho az’ abane n’ūca iziroranye.


Ni co catumye ubagabura mu maboko y’abansi babo babashira mu vyago. Maze babonye bari mu vyago, ngo bagutakambire ukabumva uri mw ijuru, ukarungika ababatabara, bakabakūra mu maboko y’abansi babo kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


Nahaye icagezwe abo nirobanuriye, mbere nahamagaye abahizi banje, bo n’abanyirahira bampayagiza, kugira ngo bashitse ivyo uburake bganje bgāgabiye.


Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe.


Kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko mu mitwe yanyu.


Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.


Maz’ ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Paulo babīgānira ibimenyetso n’ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga.


Amaze kubaramutsa, ababarira ivy’ Imana yakoze mu banyamahanga imukoresheje, abidonze kimwe‐kimwe.


Nuko ndabinginze, ni murābe utwo murya: kukw ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu.


Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atar’ ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngw abanyamahanga baganduke, ampaye amajambo n’ibikorwa,


Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.


Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Ingabo zo mw ijuru ziramukurikira, zicaye ku mafarasi y’ibitare, zambaye impuzu nziza zera derere, zitanduye.


Ariko Sauli aravuga, ati Nta muntu yokwicwa uyu musi, kuk’ uyu musi Uhoraho ahaye Abisirayeli intsinzi.


Uko ni k’Uhoraho yarokoye Abisirayeli uwo musi; kand’ urugamba rurinda rurenga i Beti‐aveni.


Maze Sauli arīgīra, areka gukurikira Abafilisitiya; Abafilisitiya na bo basubira i wabo.


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ