1 Samweli 14:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)45 Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Mu manza zose zikoma ku vy’Uhoraho, Amariya umuherezi mukuru ni we azoba kamaramagambo muri mwebge, na zo mu manza zose zikoma ku vy’igihugu, kamaramagambo ni Zebadiya mwene Ishimayeli, umukuru wo mu muryango wa Yuda; kand’ Abalewi bazoba abashingantahe banyu. Nuko ni mukovye, mukore, kand’ Uhoraho az’ abane n’ūca iziroranye.