44 Sauli aramwishura, ati Ni wagenda udapfuye ga Yonatani, Imana ibimpanire, mbere birushirije.
Hahise amezi nk’atatu, babarira Yuda, bati Tamari umukazana wawe yarasambanye, mber’ afise n’inda. Yuda arababgira, ati Ni mugende mumusohokane, mumute mu muriro.
Asokorora abantu bāri muri co, abashikiriza imisumeno n’ivyuma vy’ibisaganga n’amacabiti; abakoresha no ku matanure y’amatafari, arabacumukuza. Uko ni ko yagirira ibisagara vyose vy’Abamoni. Nuko Dawidi n’ingabo ziwe zose basubira i Yerusalemu.
Maz’ uburake bga Dawidi buca buziriringira uwo muntu; abarira Natani, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwakoze ivyo yar’ akwiye gupfa;
Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.
Imana iz’ ibimpanire, jewe Abuneri, mbere birushirije, ni ntagirira Dawidi nk’uk’ Uhoraho yamurahiye,
Ni warenguka ku būki, urye ubukumaze akaruru, Woye kubguzuza inda, bukakudaha.
Amubonye, yitantamurirakw impuzu ziwe, ati Mbonye ibara, mwana wanje! Urambabaje, ungiriye nabi! Kuko navyīkūriye mu kanwa, nkabibarira Uhoraho, none sinshobora kwivuguruza.
ah’ uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’ urupfu.
Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.
Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije!
Aramubaza, ati Bga bundi yakubariye iki? Ntugire ico umpisha. Ni wagira ico umpisha mu vyo yakubariye vyose, Imana ibiguhanire, mbere birushirije.