43 Sauli araheza abgira Yonatani, ati Mbarira ico wakoze. Yonatani aramwishura, ati Nakojeje inkoni nari nitwaje mu mutsāma w’ubūki, ndumviriza; none rero ndemeye gupfa.
Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.
Ariko Yonatani we, igihe se yarahiza abantu, ntiyumva, ni kwo gutuma inkoni yitwaje, akayikoza ku mutsāma w’ ubūki, agashira mu kanwa, akajisho kakagaruka.
Maze Sauli aravuga, ati Ni mudupfindire twe na Yonatani umwana wanje. Nuko Yonatani arafatwa.