1 Samweli 14:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)40 Maz’ abarira Abisirayeli bose, ati Ni muherēre ku ruhande rumwe, nanje na Yonatani umwana wanje turaherēra ku rundi. Nukw abantu bishura Sauli, bati Kora uk’ ugomba. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Maze Sauli aravuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, (n’ iki gitumye utishura umusavyi wawe uyu musi? Namb’ ico caha kiri muri jewe canke muri Yonatani umwana wanje, Uhoraho Mana y’Abisirayeli, rekura Urimu, arikw asangwa kiri mu bantu bawe Abisirayeli), rekura Tumimu. Nuk’ ubupfindo bufata Yonatani na Sauli, arikw abantu barēra.