Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Maz’ abarira Abisirayeli bose, ati Ni muherēre ku ruhande rumwe, nanje na Yonatani umwana wanje turaherēra ku rundi. Nukw abantu bishura Sauli, bati Kora uk’ ugomba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:40
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abantu b’umwami baramwishura, bati Mwami wacu nyen’ ingoma, abasavyi bawe twiteguye gukora ic’ ugomba cose.


Maze Elukana umugabo wiwe aramwishura, ati N’ukore ico ushimye: wigumire aho gushitsa ah’uzomucūkiriza; arik’ Uhoraho n’ashitse ijambo ryiwe. Nuk’ uwo mugore yigumira ngaho, yonsa umwana wiwe, gushitsa aho yamucūkirije.


Maze Sauli aravuga, at’ Enda ni muze tumanuke, dukurikire Abafilisitiya iri joro, turāre turabanyaga gushitsa mu macaca, ntihagire umuntu n’umwe dusiga. Baramwishura, bati Kora uk’ ugomba kwose. Arik’ umuherezi ati Ni mwīgire hano twēgēre Imana.


Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.


Maze Sauli aravuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, (n’ iki gitumye utishura umusavyi wawe uyu musi? Namb’ ico caha kiri muri jewe canke muri Yonatani umwana wanje, Uhoraho Mana y’Abisirayeli, rekura Urimu, arikw asangwa kiri mu bantu bawe Abisirayeli), rekura Tumimu. Nuk’ ubupfindo bufata Yonatani na Sauli, arikw abantu barēra.


Ūmutwaje ibirwanishwa aramwishura, ati Kora ico wiyumvira cose: hogiyo, turajana ah’ ugomba kuja hose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ