Vyose bibashikako kumwe bose: iherezo ni rimwe ku mugororotsi no ku munyakibi; ku munyangeso nziza no ku wejejwe no ku wuhumanye; ku muntu atanga ibimazi no ku muntu atabitanga: nk’uk’ umunyangeso nziza ameze, ni k’umunyavyaha ameze; nk’uk’ ūrahira ameze, ni k’ūtinya indahiro ameze.
Maz’ abarira Abisirayeli bose, ati Ni muherēre ku ruhande rumwe, nanje na Yonatani umwana wanje turaherēra ku rundi. Nukw abantu bishura Sauli, bati Kora uk’ ugomba.