Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:39
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ uburake bga Dawidi buca buziriringira uwo muntu; abarira Natani, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwakoze ivyo yar’ akwiye gupfa;


Maz’ umwami abarira Yowabu, ati Nuko ndavyemeye; uragenda ugarukane uyo muhungu Abusalomu.


Vyose bibashikako kumwe bose: iherezo ni rimwe ku mugororotsi no ku munyakibi; ku munyangeso nziza no ku wejejwe no ku wuhumanye; ku muntu atanga ibimazi no ku muntu atabitanga: nk’uk’ umunyangeso nziza ameze, ni k’umunyavyaha ameze; nk’uk’ ūrahira ameze, ni k’ūtinya indahiro ameze.


Maz’ uwo musi Abisirayeli bacika intege; kuko Sauli yari yarahije abantu, akavuga, ati Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje. Nuko nta muntu n’umwe muri bo yagize ico atamira.


Maz’ abarira Abisirayeli bose, ati Ni muherēre ku ruhande rumwe, nanje na Yonatani umwana wanje turaherēra ku rundi. Nukw abantu bishura Sauli, bati Kora uk’ ugomba.


Sauli aramwishura, ati Ni wagenda udapfuye ga Yonatani, Imana ibimpanire, mbere birushirije.


Nuko Sauli yumvira Yonatani, aramurahira, ati Ndahiye uguhoraho kw’ Uhoraho akaba agipfuye!


Erega mwene Isayi agihumeka, nta guhangama kwawe, nta n’ugutsindaza kw’ingoma yawe. Nuko tuma bamunzanire; n’ukuri azopfa nta kabuza!


Umwami aramwishura, ati Nta kabuza, ntugenda udapfuye, mwe n’ab’ inzu ya so bose.


Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ