38 Maze Sauli aravuga, ati Ni mwīgire hano, mwese abakuru b’abantu, musuzume murābe icaha cakozwe uyu musi ic’ ari co.
Ingabo ziramuhakanira, bat’ Eka ntiwojana natwe; kuko naho tworamuka duhunze, ntibobibabara, canke hapfuye kimwe ca kabiri cacu, na ho nyene ntibibishirak’ umutima; ariko wewe urengeye abantu ibihumbi cumi bo muri twebge. Icoba ciza n’uko wokwitegura kudutabara uvuye mu gisagara.
Abaganwa b’amahanga bashengejwe No guhinduka abantu b’Imana ya Aburahamu. Kukw inkinzo z’abo mw isi ar’ iz’ Imana; Ni yo ishizwe hejuru cane.
Muri Yuda hazokomōka ibuye rigumya imfuruka, muri we hazokomōka urumambo rugumya ihema; muri we hazokomōka umuheto w’intambara, kandi hamwe n’ivyo muri we hazokomōka umugabisha w’ ingabo wese.
Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.
Yesu arababaza, ati Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu?
kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.
Ereg’ Abisirayeli bacumuye, kuko baciye mw isezerano ryanje nari nabageze kwitondera, bagasotōra ku vyagizwe inyegu yanje, bakavyiba, bagatako bakabirenzako, mbere bakabisukiranya n’ibintu vyabo.
Ico ni co gitumye Abisirayeli badashobora guhagarara imbere y’abansi babo, bakabinjika ibitugu imbere yabo, kuko bahindutse ibivume. Mbere sinzokwongera kubana namwe shiti mukūye ivyagizwe inyegu yanje muri mwebge.
Maz’ abakuru bo mu bantu bose b’imiryango yose y’Abisirayeli bava hasi mw ikoraniro ry’abantu b’Imana, ryakoranye ar’ ingabo ibihumbi amajana ane zizi kurwanisha inkota.