Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Nuko Sauli asiguza Imana, ati Mbega mmanuke nkurikire Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko y’Abisirayeli? Arik’ uwo musi ntiyamwishura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:37
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi asiguza Uhoraho, ati Ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko ntazobura kugabura abo Bafilisitiya mu maboko yawe.


Maze Dawidi asiguje Uhoraho, aramwishura, ati Ntudūge ngo mubīsanganize, arik’ ugende inkerera‐mucamo, mubaturuke inyuma, aharābana n’ibiti vyitwa imibaka.


Nukw ashitse imbere y’umwami, umwami aramubaza, ati Mikaya, tuje gutera i Ramoti‐gileyadi, canke dusigeho? Aramwishura, ati Dūga utere, bizokubera ko, kand’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi!


Maze Yehoshafati abarira umwami w’Abisirayeli, at’ Enda se banza usiguze ijambo ry’ Uhoraho.


riti Mwana w’umuntu, vuga, ubarire abakuru b’Abisirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Mbega mwazanywe no kugira ico munsiguza? Ndahiye ukubaho kwanje, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze, nta co nzosiguzwa namwe.


Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli babaza Uhoraho, bati Muri twebge ni nde azobanza kuja gutera Abanyakanani ngw abarwanye?


Maz’ Abisirayeli barahaguruka baja i Beteli, ngo basiguze Imana; barayibaza, bati Muri twebge ni ba nde bazotangura kuja gutera Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Abayuda ni bo bazotangura kugenda.


na Finehasi mwene Eleyazari umwuzukuru wa Aroni ni we yahagarara imbere yayo); babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’i wacu b’Ababenyamini, canke dusigeho? Uhoraho arabishura, ati Dūga, kukw ejo nzobagabura mu maboko yanyu.


Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.


Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.


Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.


Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ