Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Maze Sauli aravuga, at’ Enda ni muze tumanuke, dukurikire Abafilisitiya iri joro, turāre turabanyaga gushitsa mu macaca, ntihagire umuntu n’umwe dusiga. Baramwishura, bati Kora uk’ ugomba kwose. Arik’ umuherezi ati Ni mwīgire hano twēgēre Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:36
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko jeho kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe: Umwami Uhoraho ni we ngize ubuhungiro, Kugira ngo namamaze ibikorwa wakoze vyose.


Mugabo bandondera uko bukeye, banezererwa kumenya inzira zanje; nk’ihanga ryakora ivy’ ukugororoka, ntirireke ivyagezwe vy’ Imana yabo, ni ko bansaba ivyagezwe vyo kugororoka, bakanezererwa kwēgēra Imana.


Bati Ni mukūre hasi, tudūge mw ijoro, dusangangure ingoro ziwe.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


At’ Ariko mwebge ntimuhatebe: mukurikire abansi banyu, mugende murica ab’ indongorongo bo muri bo; ntimubakundire gusubira mu bisagara vyabo, kuk’ Uhoraho Imana yanyu abagabuye mu maboko yanyu.


Iminyago yose y’ivyo bisagara, n’inka zose, Abisirayeli bavyijanira kw iminyago; arikw icitwa umuntu wese bamwicisha inkota, gushitsa babaranduye rwose: ntibasigaza n’umwe agihumeka.


Maze Elukana umugabo wiwe aramwishura, ati N’ukore ico ushimye: wigumire aho gushitsa ah’uzomucūkiriza; arik’ Uhoraho n’ashitse ijambo ryiwe. Nuk’ uwo mugore yigumira ngaho, yonsa umwana wiwe, gushitsa aho yamucūkirije.


Bukeye Sauli agabanya abantu mw imice itatu, basēseka hagati mu nsago z’Abamoni mu gahuru, baririka Abamoni gushitsa ku musase munini; maz’ abācitse kw icumu aho bashwiragiriye nta na babiri wobonye bari hamwe.


harimwo na Ahiya mwene Ahitubu, Ahitubu mukuru wa Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi yari mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho i Shilo; kandi Ahiya yambara efodi. Arikw abantu ntibamenya ko Yonatani yagiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ