Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:35 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Maze Sauli yubakira Uhoraho igicaniro; kand’ ico gicaniro ni co ca mbere yubakiye Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:35
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ibimazi vy’ishimwe. Nuk’ Uhoraho abona guhangaza ico gihugu, ikīza kirabogozwa mu Bisirayeli.


Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


Bukeye abantu bakoroka kare, bahubaka igicaniro, bahatangira ibimazi vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe.


Nuko Gideyoni araheza ahubakira Uhoraho igicaniro, acita Yehova‐shalomu; kiracari ku musozi Ofura w’Ababiyezeri na bugingo n’ubu.


Maze Sauli aravuga, ati Ni mugende mukwiragire mu bantu, mubabgire, umuntu wese anzanire inka yanyaze cank’ intama, ayikererere hano. Muheze muzirye, mureke gucumura k’Uhoraho, mukazirya amaraso akirimwo. Nuko mur’ iryo joro umuntu wese muri bo azana inka yanyaze, bazikerereraho.


Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.


agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.


Nuko Samweli yābīra umwagazi w’intama uconka, awushikanira Uhoraho kw ikimazi co kwoswa kidasonōye; maze Samweli atakambira Uhoraho kubg’ Abisirayeli; Uhoraho aramwumvira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ