32 Hanyuma bagurukira ku myiri banyaze, bafata intama n’inka n’inyana, bazitsinda hasi barazizibagura, bazirya zikirimw’ amaraso.
Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo.
Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?
Ntimuze mugire ikintu murya kikirimw’ amaraso yaco: ntimuze mutere amabara, canke ngo mupfumuze.
Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.
ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.
mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.
Mugabo ntimuze murye ubuseri: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.
None se n’iki cakubujije kwumvira Uhoraho, ukagurukira ku minyago, ugakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi?