28 Maz’ umwe mur’ abo bantu aramubarira, at’ Erega so yari yihanikirije abantu, arabarahiza, ngo Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira uyu musi. Kand’ abantu bari badendebukiwe.
Maz’ uwo musi Abisirayeli bacika intege; kuko Sauli yari yarahije abantu, akavuga, ati Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje. Nuko nta muntu n’umwe muri bo yagize ico atamira.
Ariko Yonatani we, igihe se yarahiza abantu, ntiyumva, ni kwo gutuma inkoni yitwaje, akayikoza ku mutsāma w’ ubūki, agashira mu kanwa, akajisho kakagaruka.
Maze Yonatani aramwishura, ati Data yagiriye abantu nabi! Ehe rāba ingen’ akajisho kagarutse, aho ntamiriye kur’ ubu būki.
Sauli araheza abgira Yonatani, ati Mbarira ico wakoze. Yonatani aramwishura, ati Nakojeje inkoni nari nitwaje mu mutsāma w’ubūki, ndumviriza; none rero ndemeye gupfa.