Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ariko Yonatani we, igihe se yarahiza abantu, ntiyumva, ni kwo gutuma inkoni yitwaje, akayikoza ku mutsāma w’ ubūki, agashira mu kanwa, akajisho kakagaruka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:27
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwana wanje, uz’ urye ubūki, kukw ari bgiza, N’ikigigu kikuryohera mu kanwa.


Umuntu agororotse agapfa kwemerana ivy’ umunyakibi Ameze nk’isōko itobetse, n’ imbizi y’iyōndoyōndo.


Maz’ umwe mur’ abo bantu aramubarira, at’ Erega so yari yihanikirije abantu, arabarahiza, ngo Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira uyu musi. Kand’ abantu bari badendebukiwe.


Maze Yonatani aramwishura, ati Data yagiriye abantu nabi! Ehe rāba ingen’ akajisho kagarutse, aho ntamiriye kur’ ubu būki.


Sauli araheza abgira Yonatani, ati Mbarira ico wakoze. Yonatani aramwishura, ati Nakojeje inkoni nari nitwaje mu mutsāma w’ubūki, ndumviriza; none rero ndemeye gupfa.


bamuha n’ikimanyu c’irobe ribumbabumbge mu nsukoni, n’udusoko tubiri tw’inzabibu zumye; ariye, aca arahēmbūka, kuko yar’ amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya, ata co anywa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ