Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Maz’ abantu bose baja mu kibira; kandi hasi har’ ubūki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:25
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Ni warenguka ku būki, urye ubukumaze akaruru, Woye kubguzuza inda, bukakudaha.


Babarira Mose, bati Twarashitse mu gihugu wadutumyemwo, kandi n’ivy’ ukuri koko gitemba amata n’ubūki; kandi ngivyo ivyo twamuyeyo.


kugira ngw abo mu gihugu wadukūyemwo boye kuvuga, bat’ Uhoraho vyaramunaniye kubashikana mu gihugu yabasezeraniye, kand’ arabanka; bati Ni co catumye abakūra ino, ngw abatsinde mu bugaragwa.


Arabuhakura, abushira mu minwe, agenda araburya; ashikiriye se na nyina, abubahako, na bo baraburya; ariko ntiyababgira kw abukūye mu kirangara c’intambge.


Maz’ uwo musi Abisirayeli bacika intege; kuko Sauli yari yarahije abantu, akavuga, ati Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje. Nuko nta muntu n’umwe muri bo yagize ico atamira.


Nuko bashitse mur’ ico kibira, basanga ubgo būki buriko burashonga; ariko ntihagira umuntu n’umwe akoza intoke ku munwa, kuko bātinya kurenga indahiro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ