Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Maz’ uwo musi Abisirayeli bacika intege; kuko Sauli yari yarahije abantu, akavuga, ati Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje. Nuko nta muntu n’umwe muri bo yagize ico atamira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:24
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni yo Mana impōra, Ikangandūrira amahanga nkayaganza.


Umuntu atubaha Imana yicisha mugenzi we akanwa kiwe, Arikw abagororotsi barokorwa kubgo kumenya ubgenge.


Uwo abantu baciriyekw iteka barunduye, ntaz’ acungurwe; aze yicwe ata kabuza.


Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.


Abisirayeli basezeranira Uhoraho isezerano, bati Ni wagabura aba bantu mu maboko yacu, tuzokomvomvora ibisagara vyabo.


uwo muherezi aheze arahize uwo mugore indahiro yo kwivuma, amutongēre, at’ Uhoraho aguhindure ikivume n’indahiro mu bgoko bganyu, bitewe n’ukw akunyunyuye ikibero, akagaragamvya inda yawe.


Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge.


Ni hagira umuntu adakunda Umwami wacu, arakavumwa. Maran ata.


Ico gihe Yosuwa aca amahani abantu, aravuga, ati Ni hagira umuntu ahaguruka, akazokwubaka iki gisagara c’i Yeriko, aravumwe imbere y’Uhoraho. Igihe azokwubaka itanguriro ryaho azobura umwana wiwe w’imfura, kand’ igihe azotera ibikingi vy’amarembo yaho azobura umwana wiwe w’ umuhererezi.


Maz’ Abisirayeli bamaze guhama, bashinga Abanyakanani ibikebere, ntibabirukana ngo babaherengeteze.


bati Ni muhimbaze Uhoraho, Kuko habonetse imena zo kurōngōra Abisirayeli, Abantu bagaheba amagara yabo babikunze.


Maz’ abantu bose baja mu kibira; kandi hasi har’ ubūki.


Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.


Maze Sauli arababarira, ati Muze mubarire Dawidi, muti Ntagomba inkwano; mut’ Ico agomba n’ubugabo ijana uzoshāhura Abafilisitiya, kugira ngo yīhōre abansi biwe. Ariko Sauli yagira ngw akororere Dawidi mu maboko y’Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ