Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Uko ni k’Uhoraho yarokoye Abisirayeli uwo musi; kand’ urugamba rurinda rurenga i Beti‐aveni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:23
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ Uhoraho ntiyari yaravuze kw azozimanganya izina ry’Abisirayeli musi y’ijuru, nuko rero, abakirisha Yerobowamu mwene Yehowasi.


Ariko bo bīhagararira muri wa murima, barawurwanira, bica Abafilisitiya; nuk’ Uhoraho atanga intsinzi ikomeye, arabakiza.


Uko ni k’Uhoraho yakijije Hezekiya n’ababa i Yerusalemu, abakūye mu maboko ya Senakeribu umwami w’i Ashuri, no mu maboko y’abandi bansi bose; nukw abaha impore impande zose.


Uko ni k’Uhoraho yakijije Abisirayeli kur’ uwo musi, abakūra mu maboko y’Abanyegiputa. Maz’ Abisirayeli bībonera imivyimba y’Abanyegiputa irambaraye kw isēsero ry’ikiyaga.


Ariko nzogirira ikigongwe inzu ya Yuda, mbakize jewe Uhoraho Imana yabo; kandi sinzobakirisha umuheto, cank’ inkota, cank’ intambara, cank’ amafarasi, cank’ abayagenderako.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we ajanye namwe, ngw abarwanire n’abansi banyu, abahe kunesha.


Yosuwa atuma abantu bava i Yeriko ngo baje i Hayi; hari hafi y’i Betaveni, ku ruhande rw’i Beteli rw’i burasirazuba; arababarira, ati Ni mudūge, muje gutata ico gihugu. Nukw abo bantu baradūga, baja gutata Hayi.


Kand’ uk’ Uhoraho yabaha umucamanza, yaba kumwe n’uwo mucamanza, akabakiza, akabakūra mu maboko y’abansi babo igihe cose uwo mucamanza akiriho, kuko vyamutera akagongwe kwumva iminiho yabo banihishwa n’ababahahaza bakabacuranguza.


arik’ uyu musi muranse Imana yanyu, kand’ ari yo nyene ubgayo ihora ibakiza mu vyago vyanyu vyose no mu magorwa; mwarayibgiye ngo n’ibahe umwami. Nuko rero, ni muze muhagarare imbere y’Uhoraho, umuryango wose uk’ uri, n’ inzu yose ukw iri.


Nukw Abafilisitiya barakorakorana ngo barwanye Abisirayeli; bāri bafise imikogote y’intambara ibihumbi mirongwitatu, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu, n’ingabo nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga; baradūga, basagaza i Mikimashi ku ruhande rw’i Beti‐aveni ruhera i burasirazuba.


at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ