Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze Sauli akirikw aravugana n’umuherezi, urwamo rwari mu nsago z’Abafilisitiya rurarushiriza; nuko Sauli abarira uwo muherezi, at’ Isigireho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:19
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko bibagira n’ingoga ibikorwa yakoze, Ntibarorēra kw ishitsa imigabo yayo.


ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Maz’ Abisirayeli bemezwa n’ izo mpamba, batarinze kugīsha inama Uhoraho.


Maze Samweli aramubaza, at’ Ivyo wakoze n’ ibiki? Sauli aramwishura, at’ Erega nabonye abantu biyonjoroye bāntaye, kandi nawe nyene utaje muri ya ndagano, Abafilisitiya na bo bariko barakorakorana i Mikimashi;


Nuko Sauli n’abantu bari kumwe na we bose barakorana baja mu ntambara, basanga basubiranyemwo, bariko barazibagurana inkota, bacitse umuhongo rwose.


Maz’ uwo musi Abisirayeli bacika intege; kuko Sauli yari yarahije abantu, akavuga, ati Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje. Nuko nta muntu n’umwe muri bo yagize ico atamira.


Maze Dawidi abarira Abiyatari umuherezi mwene Ahimeleki, ati N’unzanire efodi hano. Nuko Abiyatari azanira Dawidi efodi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ