17 Maze Sauli abarira abantu bari kumwe na we, ati Ni muharūrane, murābe ko har’ uwacu yoba yatuvuyemwo. Baharūye, basanga Yonatani n’uwamutwaza ibirwanishwa batariho.
Aca ahamagara umuhungu w’umusore amutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota yawe, umpohoshe, boye kuzovuga, ngo Yishwe n’umugore. Nuk’ uwo muhungu aramusogota, arapfa.
Inderetsi za Sauli zar’ i Gibeya h’i Bubenyamini bagize bartya, babona izo ngabo zishwiragiye, ziruka hirya no hino.
Maze Sauli abarira Ahiya, ati Zana hano isandugu y’Imana; kuko mur’ iyo misi isandugu y’Imana yajana n’ Abisirayeli.