Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Maze haba gucika ivutu aho bashagaje n’inyuma yaho, mbere no mu ngabo zose; abo mu nsago na ba banyazi na bo bagwa mu gatengo; isi na yo iratigita, haba gucika ivutu gutewe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:15
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko baragenda; Imana itera ubgoba ibisagara bibakikije, ntibakurikira bene Yakobo.


Maze ni wumva imirindi y’ingabo ihindira hejuru kur’ iyo mibaka, uce uhaguruka vuba, kuko jewe Uhoraho nzoba nkwitangiye imbere gutera izo ngabo z’Abafilisitiya.


Azoterwa ubgoba n’ibimukanga irya n’ino, Bizomukinagiza vyōmye ku bitsintsiri vyiwe.


Aho nyene bahagiriye ubgoba bginshi; Kukw Imana iri mu bgoko bg’abagororotsi.


Uwo musozi Sinayi upfūndūka umwotsi wose, kuk’ Uhoraho yamanutse, aje kuri wo ari mu muriro: umwotsi wawo upfūndūka nk’uw’itanure, umusozi wose utigita birengeje.


Maze mu nyonga h’ umwami harahindurira, ivyiyumviro vyiwe bimuhagarika umutima; ingingo z’amatako yiwe ziradohoka, amavi arakomangana.


Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.


arababarira, ati Nzi yuk’ Uhoraho abahaye iki gihugu; kandi mwaduciye ivutu, mber’ abari mu gihugu bose bahiye cōba kubganyu.


Umuntu wese ahagarara aho yar’ ari, bakīkūje izo nsago; maz’ ingabo zose zirashikuka, bavuza induru barahunga.


Bukeye abanyazi b’Abafilisitiya bava aho bashagaje, bīcīyemw’ imice itatu: umuce umwe ujana inzira ija i Ofura, mu gihugu c’i Shuwali;


uwundi ujana inzira ija i Beti‐horoni; uwundi ujana inzira igendana urubibe rurāba ku mwonga w’i Seboyimu ahahera mu bugaragwa.


Maz’ abo mu nsago z’Abafilisitiya barunguruza, bategera hejuru ku kavōvo k’i Mikimashi.


Mur’ ukwo kugeseza kwa mbere kwa Yonatani n’ūmutwaje ibirwanishwa, bishe abantu nka mirongwibiri, babatsinda ahantu hangana n’ikivutu umuntu yorima mu gihimba c’umusi.


Inderetsi za Sauli zar’ i Gibeya h’i Bubenyamini bagize bartya, babona izo ngabo zishwiragiye, ziruka hirya no hino.


Samweli akirikw arosa ico kimazi, Abafilisitiya bēgereza Abisirayeli ngo bashireko, barwane. Arik’ Uhoraho kuri nya musi nyene aturikira hejuru y’ Abafilisitiya guturagara guhāmbāye, abaca umuhongo; Abisirayeli ni kwo kubanesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ